
Uguturika gukomeye kwabaye mu murwa mukuru Beirut mu ijoro ryacyeye kwahitanye abantu barenga 100, abandi 4000 barakomereka.
Mu bakomeretse harimo abakozi ba ambasade y’ Ubudage.
Perezida Michel Aoun wa Liban yavuze ko uku guturika kwatewe n’iturika rya toni 2,750 za ‘ammonium nitrate’ (nitrate d’ammonium) zari zimaze imyaka 6 zibitswe nabi.
Bwana Aoun yashizeko igihe c’ibihe bidasanzwe kizamara ibyumweru bibiri ndetse kuri uyu wa gatatu hategekanyijwe kuba inama y’abaminisitiri idasanzwe.
Yavuze kandi ko leta igiye gusohora imiliyaridi 100 z’ama lira akoreshwa muri Liban (ni arenga imiliyoni 66 z’amadolari y’Amerika) y’ingoboka.
Kugeza ubu Mu bice bitandukanye kandi hanaboneka abantu benshi bakomeretse n’abandi bitabye Imana bakiri mu bisigazwa by’ amazi nayo yangirtse.
Ibitangazamakuru byo muri iki gihugu bikaba byavuze ko imibare yabapfuye n’ abakomeretse ushobora kuza kwiyongera.
Abategetsi bamwe bamwe mu mpande zitandukanye z’isi bagize ico bavuga kuri rino sanganya, aho abenshi bahoza igihugu ca Liban.
Umukuru w’igihugu ca Misiri Abdul Fattah al-Sisi avuga ko ababajwe n’ibibaye muri Liban, akavuga ko yifatanyije na bagenzi babo ba Liban.
Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ko burakomeza gukurikirana ibiri kubera muri iki gihugu.